FNL_yahaye_CICR_umusilikare_w__Uburundi_yafashe.png

ABARWANYI BA FNL NI INGABO ZIGISHIJWE AMATEGEKO MPUZAMAKUNGU AGENGA INTAMBARA KANDI BARAYAGENDERA.

Abo mubona kuri iyi foto ni umuvugizi w'umugambwe FNL, akaba n'umwe mu NSHIRWARIMENETSE za FNL nyakubahwa Coloneli Jean Félix aho yariko ashikiriza intumwa za CICR (Comité International de la Croix Rouge), umusoda wa Nkurunziza ari we Lieutenant IRAMBONA Alexis yaheruka gufatirwa ku rugamba n'INSHIRWARIMENETSE za FNL mu mirwano yari yabahuje n'abasoda ba Nkurunziza.



Hari kuri uyu wa gatanu, igenekerezo rya 22Ndamukiza2016, neza na neza igihe c'isaha zitatu n'igice (9h30) z'agatondo aho intumwa za FNL zari zirongowe ni INSHIRWARIMENETSE Coloneli Jean Félix ( uwo yambaye nk'ingabo za FNL kuri iyo foto ) zashikiriza ku mugaragaro mu minwe y'intumwa za CICR umurwanyi wa Nkurunziza yaramaze imisi ari mu maboko y'Intwari za FNL. Uwo nawe akaba yitwa Lieutenant IRAMBONA Alexis ( uwo yambaye ikoti yirabura kuri iyo foto ). Uwo mupfungwa yarakengurutse kubona yongeye kwidegemvya. Yarakengurukiye cane ingabo za FNL zo zitakoze nk'uko bakora ngo bamugandagure urw'agashinyaguro. Mu maso y'izo ntumwa za CICR Coloneli Jean Félix akaba ari nawe muvugizi w'umugambwe FNL yaribukije ko INSHIRWARIMENETSE za FNL zigishijwe kandi zigendera amategeko mpuzamakungu ajanye n'urugamba. Ayo mategeko aratomora neza ko mu gihe uwo muriko murarwana mumufatiye ku rubuga rw'intambara canke akamanika amaboko muri ico kiringo uwo muntu si uwo kwica ahubwo ni uwo gukingira.

Igikorwa FNL yaraye ikoze, yagikoze mu ntumbero yo kwereka Uburundi n'amakungu ko tutayaga amasigaracicaro. Ku bijanye n'abapfungwa ba FNL twasaba ko bobanza bakarekurwa imbere yuko turekura iyo ntwazangabo ya Nkurunziza, muri FNL turavuga tuti UBUGABO BURIHABWA, tuzokomeza kugikwirikirana vyase ku neza tuzokwikora ku nguvu zacu tubakure mu buroko barimwo. Mu gihe tuzi amategeko y'urugamba ntitwari kuguma tuboshe iyo ntwazangabo ya Nkurunziza ngo turindiriye ivyo Leta izodukorera kuko turazi ububegito bwa cndd-fdd ko vyofashe igihe kinini canke ntibinakunde gutyo iyo mpfungwa y'intambara ikaba irahohotewe.

Intumwa za CICR zarashimiye ingabo n'umugambwe FNL kuba twerekanye uwo mutima w'ubuntu mu kurekura uwo mupfungwa. Erega kanatsinda turwanira agateka ka zina murundi wese, eka n'uwo wese aba mu gihugu cacu. Tukaba tutorangiza tutongeye gukebura ingabo za Nkurunziza ngo zireke kuza zirishora ku risongoye kuko INSHIRWARIMENETSE za FNL zizokwama zabavugutiye umuti ubabereye. Nibabandanya naho inkoni zo kubakubita zirahari kandi abatari bake muri bo baramaze kuzimotera. Turabakebuye kandi bave inyuma ya Nkurunziza bataracererwa baze bifatanye na twe mu kubohora Uburundi n'Abarundi. UHORAHO Akingire Uburundi n'Abarundi n'ivyabo vyose !

Ni ah'ubutaha !