Umuryango wa Buraya wafashe ingingo yo kuba urafatiriye imfashanyo igenewe leta y'u Rwanda mu kurindira ko ikibazo co mu buseruko bwa Kongo gikemuka. Ariko uwo muryango uvuga ko imfashanyo igenewe imishinga y'iterambere mu Rwanda yoyo izobandanya gutangwa. Umuvugizi w'uwujejwe imigenderanire mu muryango wa Buraya, Michael Man, yabariye BBC ko u Rwanda ari kimwe mu bihugu bizoshika ku ntego y'ikinyagihumbi mw'iterambere. Ngo ivyo rero bituma imfashanyo mu bikorwa vy'iterambere idashobora guhagarikwa. Ariko umuryango wa Buraya ngo utewe impungenge n'icegeranyo c'abahinga b'umugwi wa ONU ujejwe gufata ibihano, cerekana ko u Rwanda rufise uruhara mw'ihungabana ry'umutekano mu buseruko bwa Kongo. Ngo rero imfashanyo umuryango wa Buraya uha leta y'u Rwanda, ibaye irarindirizwa gushika ico gihugu cerekanye neza aho gihagaze mu bibera mu buseruko bwa Kongo.